Misiri igihugu gifite imigi ifite ikirere gihumanye

Kubijyanye na Wikipedia

Ishami rya ONU riraba amagara kw’isi OMS rivuga ko 99% y’abantu baba kw’isi bahumeka umwuka ubangamiye amagara yabo.

N’igiharuro giteye ubwoba cane, kandi ivyo ntaho bigaragara kurusha ku murwa mukuru wa Misiri, Cairo.

Mu gihe isi ubu ihanze amaso ikoraniro rya ONU kw’ihindagurika ry’ibihe, COP27, ririko rirabera muri ico gihugu, abanya-Misiri ntibakeneye kuronderera kure kugira babone canke bumve ingaruka zikomeye z’ihumana ry'ikirere.

Ico gisagara mu bwaguke bwaco bwose  kigundaniramwo abantu bashika miriyoni 21.

Ni kimwe mu bisagara vya mbere bini cane muri Afrika.

Ariko haheze imyaka myinshi ababa muri co gisagara bahema umwuka urimwo urugero ruri hejuru cane rwa tumwe mu tuvunji canke utuvunguka duto duto cane (particules/particles) twa mbere mu kuba uburozi mu guhumanya ikirere.

Reta iremera ko abantu miriyoni zibiri bivuza mu gihugu cose ingorane zo guhema zitewe n’umwuka mubi, ishami rya ONU riraba amagara OMS rikaba rivuga ko abantu 2.600 bapfa hakiri kare ku murwa mukuru Cairo honyene buri mwaka kubera ivyo.

Ntuteba kubibona iyo usohotse uva mu nzu.[hindura | hindura inkomoko]

Mu bice vyinshi vy’ico gisagara, urumva ko hari ikintu kiguharata mu muhogo, kandi ukumva uko umwuka umeze.

N’ubwo hashshe, kenshi nsanga ndiko ndasamura, ico kikaba ari icibutsa ko ikirere cuzuye imyotsi.  

Amabarabara yo muri ico gisagara yama yuzuye urutavanako rw’imiduga, zimwe zigezweho, izindi za kera zo mu myaka ya 70 na 80, zose zirondera aho zica ngo zishike iyo zija muri urwo rutavanako.

Ariko sizo zonyene ziteye ico kibazo.

Cairo ni igisagara kirimwo amahinguriro menshi cane kandi kiri mu kiyaya, ivyo bikaba  bituma umwuka mubi uguma aho nyene.

Umusenyi n’umukungugu vyo mu bugararwa navyo bishobora kwongereza ihumana ry’ikirere.

Abategetsi ngaha barazi ko hari ikibazo gikomeye.

Umutegetsi umwe wo mu bushikiranganji bw‘ibidukikije yambariye ko guhangana n’ihumana ry’ikirere ari umwe mu yo bashira imbere mu migambi yabo, kandi ko bashinze ibituro 166 vyo kwama biriko birapima umwuka mu gihugu cose.

Kimwe mu vyahora bitera ico kibazo  cahora ari uguturira ibicericeri [ivyatsi vyavuyeko umuceri]  iyo abarimyi bahejeje kwimbura, ivyo bikaba vyaca birungika ibicu vy’imyotsi mu kirere c’ico gisagara. Ivyo ubu ahanin vyarahagaritswe, ubu hahimirizwa kurondera ibindi babihinguramwo.  

Umwe mu bariko baragerageza kurondera inyishu kuri iyo ngorane ni Maha Abdalla Ahmed w’imyaka 18.

Uwo mukobwa twahuriye hejuru ku gisenge c’igorofa  ishaje y’amazu yo kubamwo muri kartiye y’abantu b’amikoro make muri district ya  Arab al-Maadi.

N’umurongo  w’amazu yahomagurutse aho usanga uruvange rw’urwamo rw’abahita n’isake ziriko zirabika. Uko uhema niko wumva umukungugu n’umwuka uhumanye. We na mugenzi we ivyo bicericeri babishira muri nyabarega [compost] kugira bihinduke ifumbire yo gutabira ibiterwa bashira ku gisenge gishashe c’ayo mazu muri Cairo.

Ambarira ko kuri buri metero kwadarato (metre carre) ateye, ikwega garama 100 (100g) z’ibihumanya ikirere ku mwaka.

Ndamubajije niba afise ubwoba kuri kazoza k’isi, mu maso yiwe urabona ko vy’ukuri bimuteye umutima uhagaze. Ati: “Ndafise ubwoba nyene. Turakeneye gutangura gushira mu ngiro amahangiro y’iterambere kugira tugire isi yifutse [ibimera] kandi dushobora kubandanya tubako imeze gutyo”.

“Umwe umwe wese arashobora kugira ico ahinduye.”

Nta nkeka ko amahaha y’ababa muri ico gisagara ca Cairo apfunganyemwo umwuka mubi, ariko ibikorwa nk’ivya Maha hamwe n’igikorwa ca reta, ababa Cairo bizigiye ko hatararengerana ko bashobora kugarukira ibidukikije mu gisagara cabo.

Amashakiro[hindura | hindura inkomoko]

https://www.bbc.com/gahuza/articles/cllql75ndrlo