Ikiyaga Tanganyika kirageramiwe ku bijanye n'ibidukikije

Kubijyanye na Wikipedia
Ikiyaga cya Tanganyika
Uburobyi mu kiyaga cya Tanganyika

Mu Burundi, ikiyaga Tanganyika kiri mu vya mbere binini kw'isi kandi gitunze abantu benshi, kirageramiwe mu buryo butandukanye.

Ikigega mpuzamakungu c'ibidukikije, Global Nature Fund, cagenye Tanganyika nk'ikiyaga ca mbere kigeramiwe muri uyu mwaka w'2017.

Mu bihugu bine bisangiye ikiyaga Tanganyika harimwo Uburundi, umurwa mukuru waco Bujumbura uri ku nkengera zaco.

Imicafu yo mu ngo n'amahinguriro vyisuka mu kiyaga biri mu bikigeramiye cane.

Ikigo kijejwe isuku mu gisagara ca Bujumbura SETEMU kivuga ko kimaze igihe kidafise uburyo bwo kubanza gusobanura iyo micafu no kuyungurura amazi mabi imbere y'uko yisuka mu kiyaga Tanganyinka.

Ku gituro ca Buterere co kuyungurura amazi y'imicafu, niho amazi yose mabi ava mu ngo no mu mahinguriro yategerezwa guca imbere yuko yisuka mu kiyaga Tanganyika.

Ariko amapompo yo kuduza bene ayo mazi yo mu mahinguriro ari ku nkengera z'ikiyaga Tanganyika kugira ashike ku Buterere, amaze igihe yarapfuye.

Umukuru wa SETEMU, Sadiki CIZA, avuga ko ubu amafaranga yo kuyagura yabonetse.

Amashirahamwe aharanira kurwanira ibidukije avuga ko ikiyaga Tanganyika gitunze abantu barenga umuliyoni na cane cane abarovyi, abacuruza n'abafungura amafi arobwa murico.

Tharcisse Ndayizeye wo mu runani rw'amashirahamwe aharanira ibidukikije OBEA, avuga ko umwimbu w'amafi wagabanutse gushika ku 25% hagati ya 1995 na 2011.

''Harya ku ngengera niho ifi zategerezwa kurondokera. Zidashoboye kuza, amafi aca agabanuka cane mu gihe igitigiri c'abarovyi cagwiriye cane''

N'amazi anyobwa mu gisagara menshi ava mu kiyaga Tanganyika.

Mu bushikiranganji bujejwe ibidukikije, baremera ko ikiyaga Tanganyika kigeramiwe. Bamaze iminsi bakoresha amanama abajejwe intwaro n'abafise uruhara mu kurungika imicafu mu kiyaga Tanganyika.

Jeanne Francine Nkuznimana ajejwe igisata c'isuku n'ukugenzura ubwiza bw'amazi, avuga ko bashaka ko umwe umwe wese mu bimuraba, yokora ibikingira ikiyaga Tanganyika.

amashakiro[hindura | hindura inkomoko]

https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-40354222